Burundi-amatora 2025: Ingene atandukanye n'ayamaze kuba

Kuva ku wa 05 Ruheshi 2025 mu Burundi, abanyagihugu binjiye mu matora y'abashingametaka, abakenguzamateka, abajenama b'amakomine n'abakuru b'imitumba.

Kuva mu 2005 amatora yama aba buri myaka itanu. Ayo muri uwo mwaka yari ayadasanzwe kuko yari abaye inyuma y'intwaro mfatakibanza n'intambara y'imyaka irenga cumi. Ariko n'aya ya 2025 arafise ivyo yisangije ufatiye kuri kahise k'Uburundi kuva bukironka intahe yo kwikukira hamwe n'ivyagiye birahinduka.

1. Ubwa mbere imyaka 20 iheze amatora aba buri myaka itanu

2005-2025: Bubaye ubwa mbere mu Burundi huzura imyaka 20 haba amatora uko imyaka itanu iheze. Nta rundi runganwe rwari bwigere rukura rugashikana imyaka nk'iyo ata giciyemwo ngo amatora asibe mu myaka irenga 60 Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira.

Ariko kuva hasigaye imyaka ibiri ngo Uburundi buronke intahe yo kwikukira mu 1962, haragiye haraba amatora, yaba ay' imigambwe myinshi canke umugambwe umwe. Iyindi myaka igahera atayabaye ku ntwaro za gisirikare canke mfatakibanza.

Kuva hatembagajwe intwaro ya cami muri Munyonyo mu 1966 na Capitaine Michel Micombero, nta citwa amatora casubiye kuba.

Amatora yasubiye kuba mu 1982 -y'abashingamateka - no mu 1984 - y'umukuru w'igihugu - ku ntwaro ya Colonel Jean Baptiste Bagaza yari yashitse ku butegetsi atembagaje ubwa Micombero muri Munyonyo mu 1976 n'umugambwe umwe rudende, Uprona. Bagaza yitoje mu bukuru bw'igihugu ata n'umwe bahiganwa.

Kuva Major Pierre Buyoya afashe ubutegetsi atembagaje Bagaza muri Nyakanga mu 1987, hasubiye kuba amatora Abarundi bemeza amasezerano y'ubumwe bw'abarundi muri Ruhuhuma mu 1991, amatora y'ibwirizwa shingiro rigarukana imigambwe myinshi muri Ntwarante mu 1992 n'amatora rusangi muri Ruheshi mu 1993.

2. Nta matora y'umukuru w'igihugu azoba

Kuva mu 2005, amatora rusangi yaba arimwo no gutora umukuru w'igihugu ku kiringo c'imyaka itanu.

Ariko mu 2018, harakozwe impinyanyuro z'ibwirizwa shingiro, ikiringo c'umukuru w'igihugu kiva ku myaka itanu gishirwa ku myaka indwi.

Bivuze ko prezida Evariste Ndayishimiye mu 2020 yatorewe ikiringo c'imyaka indwi. Ayandi matora y'umukuru w'igihugu azoba mu 2027.

3. Ikarata nshasha y'intara z'amatora.

Aya matora yo mu 2025 agiye kuba hisunzwe ikarata nshasha y'intara n'amakomine.

Intara zavuye kuri 18 zija kuri 5, nayo amakomine ava ku 119 aja ku 42 gusa.

Ivyo bigabanya igitigiri c'abakenguzamateka. Mu gihe hatorwa babiri ku ntara, bahora ari 36 hongerako batatu baserukira Abatwa. Ubu noneho bazoca baba 10 gusa kwongerako abo batatu.

Ariko igitigiri c'abashingamateka ntikizohinduka. Abatorwa ni 100, hakiyongerako batatu baserukira Abatwa.

Gusa kubera ukwubahiriza amategeko ashinga ibitigiri vyo gukirwa - abagore nibura 30 % muri rusangi, n'Abahutu 60% ku Batutsi 40% - iyo ivyo bitigiri bitakwiye muri abo batowe, harongerwamwo abandi biciye mu citwa ''cooptation''. Nk'ubu inama nshingamateka yahahora yari igizwe n'abantu bose hamwe 123.

2005-2025: Imyaka 20 y'ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Muri uyu mwaka, umugambwe CNDD-FDD urujuje imyaka 20 ushitse ku butegetsi.

Uno mugambwe wahoze ari umuhari witwaje ibigwanisho watsinze amatora ubwa mbere mu 2005. Wari winjiye muri reta mfatakibanza mu mpera za 2003 inyuma yo kwumvikana na reta yari ihari amasezerano yo guhagarika intambara.

Uretse umugambwe Uporona watsinze amatora yashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira mu nyuma ugahava usigara ari wonyene wemewe mu mategeko kuva mu 1966 gushika mu 1993, CNDD-FDD ni wo mugambwe ugize kabiri muri kahise k'Uburundi umaze imyaka myinshi ku butegetsi.

Uwundi mugambwe wigeze gutsinda amatora muri kahise k'Uburundi ni Sahwanya-Frodebu mu 1993. Kuva ico gihe nta ntsinzi urasubira kuronka.