Burundi-Amatora 2025: Mu ndwi ya mbere yo kwiyamamaza 'hari utwaciyemwo' -umushikiranganji

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira avuge muri rusangi ingene imyiyamamazo y'amatora iriko iragenda.

Ni mu gihe haheze hafi idwi imigambwe ya poritike n'abigenga batanguye kwiyamamariza ayo amatora y'abashingamateka, abakenguzamateka, abajanama b'amakomine n'imitumba azoba ku wa 05 Ruheshi.

Kuva atanguye icese ku wa 13 Rusama, ntivyatevye ko bamwe bamwe mu bari muri iryo higanwa -cane cane abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD - batangura kwidoga ko baburabuzwa, bakubagurwa mbere bagasinzikarizwa ubuzima.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umushikiranganji Martin Niteretse yagize ati:

"Tuboneyeho akaryo ko kunegura twivuye inyuma utwagiye turacamwo tutameze neza. Aha twovuga nk'akarwi kahungabanije abo mu mugambwe CNL hagakomereka abantu batanu i Kizina ku Mpanda, mu ntara ya Bubanza"

"Bamwe mu bakubaguwe baramaze kutwereka amazina y'ababakubaguye. Ababakubaguye rero bamwe baramaze gufatwa. Abatarafatwa nabo turiko turabarondera kugira bashirwe imbere y'intahe"

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, wari wasohoye itangazo wiyamiriza iburabuzwa rikorerwa abanywanyi bawo mu ntara zitandukanye.

Mu vyo wiyamiriza, nk'uko bigaragara mw'itangazo ryawo, harimwo ko abanywanyi bawo bakwa imyambaro y'umugambwe mu burere bumwe bumwe, bakarementanirizwa no gupfungwa bagapfungwa.

Iryo tangazo rivuga kandi hamwe hamwe abayoboke ba CNL basinzikarizwa ubuzima canke bakankirwa kugira imyiyamamazo.

N'ubwo yemera bimwe mu bivugwa n'ywo mugambwe, umushikiranganji w'intwaro yo hagati n'umutekano avuga ko bimwe mu bishikirizwa n'abanyamigambwe bidafise ishingiro.

Niteretse avuga ko yabahaye inomero yiwe ya terefone n'inimero za ba buramatari hamwe n'abandi bategetsi babijejwe kugira uwugize ingorane aho ariko arakorera ace ahamagara.

Hambavu y'ivyo, umushikiranganji avuga ko yashizeho umugwi wa whatsapp umuhuza na ba buramatari hamwe n'uwundi umuhuza n'abakuru b'imigwambwe bose kugira baje barashikiriza ibigoranye ku mwanya ku mwanya.

Umushikiranganji avuga ko atangazwa no kubona hari abanyapolitike bahitamwo kwandika ku mbuga ngurukanabumenyi aho guha amakuru ababijejwe kugira batore inyishu.

Ku bwiwe, abo banyapolitike baba bariko barabesha.

Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP yavuze ko hari umukino w'abari mu ntwaro n'umugambwe uri ku butegetsi kugira baburabuze abatavuga rumwe nawo.

Niyonkuru yari yagize ati: ''Iyo imigambwe itavuga rumwe na reta igiye kugira amanama hagati mu gihugu, hashobora kuza Imbonerakure zitwaje abapolisi bakababuza kugira inama yemewe n'amategeko.

''Muhamagaye umutware mukamubura, [izo Mbonerakure ziti] tutaronse uruhusha rwa nya mutware ntitubemerera".

Niyonkuru avuga ko uwo mukino ushobora kubandanya gushika inama isivye canke bikabanza gushika ku mushikiranganji kugira inama ibe ''canke abapfungiwe ubusa bapfungurwe".

No mu kwugurura icese ikiringo c'imyiyamamazo, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaremeye ko "hariho abantu b'intagondwa...Mwene abo rero ni abantu bafashwe n'agashetani kadashaka kubana neza n'abandi.

''Hariho abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye. Nagira ndabamenyeshe y'uko iryo atari itegeko ry'igihugu kandi abo babigwanya amategeko y'igihugu ategerezwa kubagwanya".

Muri iki gihe c'imyiyamamazo, amwe mu mashirahamwe yigenga yagiye yiyamiriza igwirirana ry'ibikorwa vy'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD batera ubwoba abakeba.

Hari n'amareresi yagiye ahanahanwa ku mbuga hwaniro yerekana Imbonerakure (urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi) ziriko ziragira ikarashishi zongera zivuga amajambo atabereye.

Ayo mashirahamwe abona ko ari ugusubira inyuma mu bijanye na demokarasi.

Kuri ibi, umushikiranganji Martin Niteretse avuga ko kugira aronke ico abivugako gitomoye ari uko bobanza kuzana ivyemezo bitomoye.

Ati:

"Mwoba mwaratohoje musanga ni vyo? Ko mbona ubuhinga bwa none busigaye bukaze rwose… ! Umuntu barashobora kumwitirira ivyo atakoze n'ivyo atavuze:

"Ico rero nibaza, mubonye iyo reresi mwoca muja ku rubuga mukabaza neza aho vyabereye. Mutambwiye muti vyabereye ku mutumba uyu n'uyu, agacimbiri aka, hariko haba ibi n'ibi… vyohava bingora kwishura"

Umushikiranganji avuga ko muri rusangi imyiyamamazo iriko igenda neza.