Uburusiya bwatanguye ibitero 'bikomeye' imisi mike inyuma y'igitero ca drones za Ukraine

Uburusiya bwagavye ibitero vyinshi vy'indege zitajamwo abadereva n'ibisasu vyo mu bwoko bwa za muzinga ku murwa mukuru wa Ukraine no mu bindi bice vy'igihugu mu gitondo co ku wa gatanu, nk'uko abategetsi babimenyesheje.

Abantu bagera kuri batatu bapfuye, 49 barakomereka muri ivyo bitero, nk'uko bivugwa na Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky.

Ivyo bitero vy'indege vyari vyibasiye umugwa mukuru Kiev, igisagara ca Lutsk n'akarere ka Ternopil mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwo mu Burusiya bwamenyesheje ko ivyo bitero vyari ivyo kwihora "ibikorwa vy'iterabwoba vyakozwe n'ubutegetsi bwa Kiev", buvuga kandi ko vyatumberejwe ku bigo vya gisirikare.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ingabo zabwo "zatanguje mw'ijoro ryakeye igitero gikomeye gikoresheje ibirwanisho vy'ubuhinga burasa kure kandi bugema, baciye mu kirere, mu kiyaga no ku butaka, hamwe n'indege zitajamwo abadereva (drones)".

Ico gitero cabaye inyuma y'aho umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin aburiye umukuru w'igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, ko azokwihora ku bitero vya Ukraine biherutse kugabwa ku bigo vy'indege za gisirikare vy'Uburusiya.

Ku wa gatanu, Zelensky yavuze ku rubuga rwiwe rwa X ko "ubu ari co gihe nyaco Amerika, Uburayi, n'amakungu bashobora guhagarika iyi ntambara no gushira igitutu ku Burusiya".

Yavuze mu majambo atadudurirako ko Trump asa n'uwudashaka gushira igitutu ku Burusiya.

Zelensky yanditse ati: "Nimba umuntu atariko arakoresha igitutu nuko ariko araha intambara uwundi mwanya wo guhitana ubuzima bw'abantu – ivyo ni ubufatanye kandi bakwiye no kubarizwa hamwe ivyo bakoze. Tubwirizwa gufata ingingo."

Zelensky yavuze ko "kugeza ubu", abantu batatu bemejwe ko bapfuye muri ivyo bitero - bose bari abakozi b'ibiro vy'ubutabazi vya Leta ya Ukraine.

Yavuze ko ico gitero cakoresheje drone 400 n'ibisasu vyo mu bwoko bwa za muzinga birenga 40, kandi ko igitigiri c'abantu bakomeretse "gishobora kuduga".

Mw'itangazo ryasohotse kare, umukuru w'igisagara ca Kiev, Vitali Klitschko, yavuze ko abantu bane bishwe mu murwa mukuru w'ico gihugu.

Amajwi y'inzamba z'imburi yo mu kirere yumvikanye i Kiev, aho inyubakwa ibamwo abantu yatewe, kandi ubuhinga bwa gari ya moshi bwo muri ico gisagara bwahungabanijwe inyuma y'aho amabarabara y'indarayi yononywe n'urusasu.

Abasivile ibihumbi mirongo bo mu murwa mukuru bamaze amasaha makeyi badatekaniwe mu bibanza vy'ubwihisho biri munsi y'ubutaka.

Uri hagati na hagati mu gisagara, wumva urwamo rw'ibiturika vy'ibisasu n'inkoho zikomakomeye (machine gun) rwamaze umwanya munini igihe abasirikare barwanira mu kirere bari mu turere turi mu nkengera z'igisagara bariko bamanura za drones nyinshi zariko zitumberezwa ku murwa mukuru Kyiv.

Rimwe na rimwe, urwamo rwa za drones ziguruka hejuru na rwo nyene rwashobora kwumvikana.

Ibishashi vy'umuriro, rimwe na rimwe vyava ku nyubakwa zari hafi, vyakurikirwa, haciye amasegonda atanu canke icumi, n'uguturika gukomeye.

Abategetsi bavuga ko ivyo bitero vyarimwo ibisasu 38 vy'indege, ari vyo Ukraine yariko iratera mu gikorwa co ku musi w'Imana citwa "Spider's Web", ivyo bikaba vyerekana ko ico gitero gishobora kuba ari ubutumwa buvuye muri Kremlin.

Ibisagara vya Kharkiv, Sumy na Luhansk navyo nyene vyagabweko ibitero vy'indege.

Ahandi, umukuru w'igisirikare ca Ternopil, Vyacheslav Negoda, yavuze ati:" Igitero co ku wa gatanu ni co gitero co mu kirere gikomeye kuruta ibindi vyose vyakozwe mu karere kacu gushika ubu."

Umukuru w'igisagara ca Ternopil, Igor Polishchuk, yavuze ko abantu batanu bakomeretse muri ico gitero, ko hariho n'amazu yononekaye, amashure n'inyubakwa za leta.

I Lutsk, abantu batanu barakomeretse mu gitero ca za drone 15 na za muzinga 6.

Hagati aho, ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bw'Uburusiya buvuga ko ingabo zayo zigwanira mu kirere zarashe drones 174 za Ukraine mw'ijoro ryakeye mu bice bimwe bimwe vy'Uburusiya no mu karere ka Crimea kigaruriwe n'Uburusiya.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibisasu vya missiles biterwa ubwato vyitwa Neptune navyo nyene vyaburijwemwo hejuru y'ikiyaga cirabura.

Igitero c'Uburusiya kuri Ukraine kije inyuma y'imisi mikeyi Kiev itanguye igitero gikomeye cane ca drone cibasiye nibura indege 40 z'intambara z'Uburusiya ku bigo bine vya gisikare.

Zelensky yavuze ko drones 117 zakoreshejwe mu bikorwa vya Spider's Web n'abajejwe umutekano ba SBU, zitera "34% vy'indege zitwara ibisasu vy'indege z'Uburusiya".

Mu ntango z'uku kwezi, ibiganiro vy'amahoro bitaziguye hagati y'Uburusiya na Ukraine vyabereye i Istanbul, ariko vyaheze ata n'ikintu kizima kivuyemwo.

Abahuza muri ivyo biganiro bo muri Ukraine bavuze ko Uburusiya bwanse "uguhagarika intambara ata kirinze gusaba" – ikintu nyamukuru Kiev n'ibihugu vya ba somambike nayo vyo mu Burengero harimwo na Amerika bisaba.

Umurwi w'Abarusiya wavuze ko wasavye ko haba agahengwe k'imisi ibiri canke itatu "mu bice bimwe bimwe" biri ku rwasiro rw'ingwano, ariko ntiwatanze iyindi nsiguro.

Trump yavuze ko Putin yarahiye ko azokwihora "bikomeye cane" igitero ca Ukraine giherutse gutera ku bigo vy'indege za gisirkare vy'Uburusiya, mu kiganiro bagiranye kuri telefone camaze isaha irenga ku musi wa gatatu.

Moscow yari yaravuze mbere ko inyishu za gisirikare zariko zirihwezwa ku bijanye n'ingene yovyifatamwo ku gitero ca Ukraine.

Mu ndwi iheze, Trump yasa n'uwashizeho ikiringo ntarengwa c'indwi zibiri kuri Putin, akangisha ko azohindura ingene Amerika yishura ku Burusiya mu gihe yosanga ko Putin akiriko aramucaca mu twigoro two kurondera amahoro muri Ukraine.