'Amangetengete ni ubusuma bweruye' - Frédéric Nsabiyumva, kizigenza w'Intamba mu Rugamba

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
Frédéric Nsabiyumva, kizigenza w'umurwi Nserukiragihugu w'Uburundi yihaye intumbero yo kurwanya ubupfumu, uburozi n'amangengengete mu mupira w'amaguru, kuko "ari ikinyoma cambaye ubusa co gusahura abakinyi".
Nsabiyumva w'imyaka 29 uno munsi ni umukinyi w'inyuma mu murwi wa Vasteras mw'ihiganwa ry'icicaro ca mbere ryo muri Suwede (Suède/Sweden), akaba yatanguye isekeza ryo guhimiriza abandi bakinyi b'umupira w'amaguru b'Abanyafrika "kuvavanura n'ibintazi" kuko avuga ko yasanze ari ubutekamutwe.
Ino mvukira ya Bujumbura muri zone ya Bwiza, uno munsi arubatse, afise abana babiri b'ababakobwa bakiri bato.
Yemeza ko yakoresheje cane amangetengete kubera guhendwa n'urunganwe n'imirwi yakinira, ariko akavamwo akavavanura na vyo afashijwe n'ijambo ry'Imana, ubu akaba ari umuvugabutumwa mu mashengero y'abapentekoti, nk'uko abivuga.
Agira ati: "Jewe natanguye gukoresha amarozi nkiri muto kubera nahura n'abankikije bambwira ko 'atawukina umupira atagira agasabiko'.
"N'imirwi yacu ni uko nyene kuko wasanga na yo nyene igendera ku mugani w'igiswahili ngo 'Kazi na Dawa', ni ukuvuga ko akazi kose kugira ngo gatere imbere utegerezwa kuba ufise umufyitirizi."
Ati: "Ntaco ntakoresheje. Narigeze kugira imvune ndondera umupfumu, ashitse, yashize umunwa ku kuguru anyereka ivyo avuga ko bandoze, aho yanyeretse insato z'inzoka, amababi, amahembe, n'inyoni zapfuye avuga ko ari ivyo yari ankuyemwo, akambwira ko ari vyo bari bandoze.
"Ico gihe naravyemeye neza kuko yari yanyifatiye ubwonko kandi sinasubiriye kuva mu bapfumu. Urumva ko batuja mu bwonko bakadukoropa, tukisanga twabiguyemwo".

Ahavuye isanamu, Frédéric Nsabiyumva
Imbere y'uko abandaniriza mu mirwi ya Kosmos (Jomo Cosmos FC) na Chippa United FC mu cicaro ca mbere muri Afrika y'Epfo, uno yahoze ari kirwanirwa mu mirwi nka Atlético Olympic FC mu Burundi avuga ko yasanze amangetengete ari ikinyoma co gusahura abakinyi utwabo hakoreshejwe urwenge.
Ati: "Ntababeshe ntaho ntagiye, cane cane iyo mfise imvune canke iyo ndi muri 'méforme' (mu bihe ntariko ndavyifatamwo neza mu kibuga), abapfumu bose narabagiyeko mu Burundi. Narakwiye intara zose ndondera ba Karuhariwe 'mu kuvura no mu gutanga inkingo zitera umugisha' mu mupira w'amaguru.
"Za Dar es Salaam na za Kigoma muri Tanzaniya namayo, eka mbere no muri [Republika ya Demokarasi ya] Congo, ariko nisanze utwanje bagiye kutumara.
"Itunga ry'umuryango bahatswe kuritwara kuko nta kindi abo bapfumu baba bakeneye atari amahera gusa. Nisanze amahera nakoreye nka yose bagira bayatware ata n'ico bamarira, nca mpitamwo kubiheba".
Yemeza ko abakinyi benshi b'Abanyafrika babigize umwuga bizera cane amarozi, abapfumu n'ayandi mangengete kugira bikunde batere imbere canke imirwi yabo itsinde vyoroshe, kandi ko na ba nyen'imirwi muri Afrika usanga babigiramwo uruhara.
Ati: "Benshi muri ba nyen'imirwi aho nagiye ndakina muri Afrika yose abo twahura bari bafise abapfumu, hari n'abakinyi barara mu kaburi imbere y'uko baja gukina. Hariho abisiga ibintu, na twebwe hari aho mu mirwi, cane cane muri Afrika y'Epfo, batubwira ivyo twisiga n'ivyo twiyuhagira imbere yo kuja mu kibuga.
"Hari abikebagura, hari abagira imihamuro, kandi ni nka bose, vyari vyabaye umuco, ni ibintu bitangaje".

Nsabiyumva, umukinyi asanzwe yaranonosoye ibijanye n'ugukora imashini nyabwonko, avuga ko ivyo vyose ari ibinyoma kuko nubwo babikoresha, ntaho vyigera bibashitsa.
Ati: "Mbega ko twebwe Abanyafrika ko wumva dukomeye mu burozi ko ata gikombe c'isi turatwara? Ko wumva dukomeye ni turoge ibindi bihugu dutware igikombe c'isi?
"Mbega ko abakinyi b'Abanyafrika bizera amarozi ko bose badakina mu mirwi ikomeye ya Barcelone, Real Madrid, Arsenal, Manchester n'iyindi ikomeye kw'isi ?
"Ko aha i Bulaya abakinyi ata burozi bakoresha ariko bakaba bakomeye, umukinyi w'Umunyafrika akina i Bulaya ni aroge bagenziwe hanyuma atware ubushimwe Christiano Ronaldo na Lionel Messi bamaze gutwara; uca ubona ko ari ikinyoma ko ayo marozi adakora".
Ku bwiwe, igikenewe ni ugushira uburyo mu mupira w'amaguru aho kwizera ibintazi, ari co gituma yatanguye isekeza ryo guhimiriza abakinyi b'Abanyafrika baba abakina i Bulaya canke muri Afrika kuvavanura n'ugukoresha amangetegete akoresheje ivugabutumwa.
Nsabiyumva, Bibiliya itava mu ntoke, ahanura abandi bakinyi bamuka muri Afrika "kuva muri ibi bintanzi" abicishije mu biganiro ategura buri indwi ku mbuga ngurukanabumenyi.
Atunganya kandi n'ibiteramo hirya no hino mu gihe c'akaruhuko, aho ashingira intahe bagenziwe ku vyamushikiye, akanakwiragiza ibitabo bigizwe na Bibiliya kuri bagenziwe.
Agira ati: "Jewe ivyanje abapfumu bari babimaze iyo ntamenya Imana, kuko nasanze ari vyo bitanga amahoro. Ni habe ingingo ko abakinyi cane cane abakiri bato bovavanura na vyo, kuko ni ubusuma butagira izina kandi wizeye Imana ntaho udashika".