'Ni umuti utagira urushinge n'ibinini' – Abarundikazi bakuze bakina basketball i Bulaya

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
"Twarakize indwara zo mu mutwe hamwe n'izindi kubera umukino w'amaboko wa basketball w'abagore bakuze", bivugwa na Lydia Tuyizere w'imyaka yababa 40 aba i Paris mu Bufaransa, asanzwe akina basketball y'abagore.
Lydia yemeza ko basketball yabakuye iyo rwotera izuba. Ati: "Iyo ataba basketball tuba twiruka mw'ibarabara nk'abasazi, kuba i Bulaya biragoye, dukora amasaha menshi hari naho ukora amasaha 12, ushitse muhira akaba ariwe ukinjika ukitaho abana n'umushinganatahe, aho hakiyongerako n'ingorane zo kuba wenyene.
"Ibi rero birabangamira amagara yo mu mutwe na yo mu mubiri, ariko kuva dutanguye gukina Basketball y'abagore bakuze, indwara twarasezeye kubera idufasha kuyaga, kwinonora imitsi, bigaca bituma tugira amagara meza mu kibano, kukazi no muhira, tukagira n'ikiganiro ciza nabo twubakanye n'abana bacu, rero basketball yatumye tugira amagara meza".
Lydia ari mu Barundikazi barenza imyaka 35 baba mu bihugu vy'Ububiligi, Ubuholande, Ubuswisi, Ubudagi, Suwede, Ubufaransa, Norvège, Danemark na Luxembourg bahisemwo gukina basketball mu ntumbero yo kurwanya indwara zo mu mutwe zirimwo agahinda, kwihebura n'izindi.
Ni iciyumviro catangujwe mu ntango y'imyaka ya 2000 n'abahoze ari abakinyi bakera b'imirwi yahoze ikomeye mw'ihiganwa ry'abapfasoni n'abigeme i Bujumbura mu myaka yi 1990, nka Les Copines na Les Gazelles ubu bakukurutse, bakaba baba mu Bubiligi no mu bufaransa.
Izi nkino zatanguriye mu bisagara vyo mu Bubiligi, zivamwo zikwiragira no mu Barundikazi baba mu bindi bihugu vya Bulaya, imirwi y'abagore bari hagati y'imya ka 35 gushika kuri 65 ivuka ku bwinshi mu bihugu bitandukanye.
Muri abo bakinyi harimwo abagore bakuze bafise imyaka irenga 50, ariko igitangaje hakaba hariho n'abize urwo rukino gushasha barenza imyaka 35 kugira bifadikanye n'abandi.
Si intama yuriye inzu

Abagore bahurira muri uru rukino ni abakukuruke, bamwe muri bo bafise imyaka irenga na 50, ariko igitangaza benshi ni ukubona ukungene bikiriza bagatera umupira.
Nayo ku babona ko ari ugushirukanya, Nadine Nibigira asanzwe ari umushakashatsi akaba ni umwe mu mboneza muri iyo mirwi y'abagore bakina basketball, avuga ko atari intama yuriye inzu, ahubwo ko wabaye umuti utagira urushinge n'ibinini wabavuye ubusaza n'indwara.
Ati: "Jewe ndi umuhagarikizi mpuzamakungu muri volleyball, ndi umushakashatsi mu kurwanya ububisha, ndi mu ndongozi mu batwara umurwi Imboneza w'abagabo i Buruseli mu Bubiligi, muri vyo hiyongerako ko ndi inarugo w'abana.
"Iyo itaba basketball, simba ndabishobora; notera akamo abandi bapfasoni kuva mu kigo kuko twabaye bashasha, dukira ihahamuka n'ibirwara twagendana ata muganga tubonanye; mu gihe bose bovyijukira nta nkeka umunezero wotaha ingo zose n'ibihugu kuko iyo inarugo amerewe neza mu magara n'ibindi birakurikira".
Ama Nibaze aba mu gisagara ca Toronto muri Canada akunze kuja kwifatanya na bagenzibe b'i Bulaya iyo aronse akaruhuko nawe nyene ni ko abibona, aho ahimiriza n'abandi bagore ko gukina bitagira imyaka.

Agira agi: "Aha muri ibi bihugu hari aho twiyibagira, abapfasoni nkatwe boreka kwikumira kuko kwinonora ntibigira imyaka. Raba ukuntu tumerewe neza kubera basketball, raba umunezero dufise kubera basketball.
"Uyu munezero dukura mu kibuga tuwusangiza abo mu rugo iwacu, tukawusangiza abo ku kazi kuko iyo amagara y'umukenyezi yifashe neza n'igihugu cifata neza. Basketball idutera umenezero dusangiza isi yose".
Uru rukino rw'abagore bakuze ntiruri mu Barundikazi gusa kuko n'Abanyarwandakazi na bo nyene barifatanya na bo. Ntirugarukira i Bulaya gusa kuko no mu yindi mihingo nka za Canada , Amerika na Australia , nabo nyene batanguye kwitunganya bashinga imirwi yabo.