DRC: Amasase na bombe ni vyo vyaranze iri joro mu gisagara ca Goma

Amasase menshi n'amabombe vyumvikanye cane mw'ijoro ryo kuri uyu wa gatanu buca ari ku wa gatandatu mu gisagara ca Goma, mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Umuhari AFC/M23 ugenzura ico gisagara, wamenyesheje kw'iradiyo y'igihugu RTNC ikorera mu gisagara ca Goma ko ibirindiro vyawo vyari vyatewe n'urunani rw'aba FARDC-Wazalendo-FDLR.

Reta ya Congo gushika ubu nta co irabivugako.

Bivugwa ko ibitero vyari bikaze gusumba ahandi mu makaritiye yatewe ari Keshero na Lac-vert.

Amasase ya mbere yoba yatanguye kwumvikanira muri karitiye ya Ndosho mu micungararo ya Balindu, imbere y'uko ashwara vyihuse muri Kyeshero, Mugunga, gushika mu micungararo ya 'Territoire' ya Nyiragongo.

Ayo masase ngo yateye ubwoba abanyagihugu bo muri ico gisagara ca Goma, cane cane abo mu buraruko bwaco kuko ngo hamaze imisi harangwa umutekano muke.

Ntiharamenyekana ivyahononekariye.

Kuva mu gitondo nta gakacira, abategetsi ba AFC/M23 bakaba bahumuriza abanyagihugu ko abateye baburijwemwo kandi ko ico gitero camaze isaha imwe gusa.

Ariko hari inkuru zivuga ko ico gitero catanguye isaha zine z'ijoro gushika mu gitondo.

Igisagara ca Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru uri mu minwe y'abagwanyi ba M23 bashigikiwe n'Urwanda kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Hagati aho, ivyo bibaye mu gihe intumwa za reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo n'umuhari wa AFC/M23 ziza zaramaze gushika i Doha muri Qatar mu biganiro vy'amahoro.

Gushika ubu ivyo biganiro biriko bibera mu mwiherero nta ngere.

Reta ya Congo yari yanse kuganira imbona nkubone n'abagwanyi ba M23 ivuga ko ishaka kuganira n'Urwanda kuko ari rwo rwayiteye, ngo kuko ari rwo rufashe mu mugongo uwo muhari.

Urwanda ntirwigeze ruhakana canke ngo rwemeze ko rufasha M23.

Ariko na rwo rwagiriza Congo gukorana n'umuhari FDLR wagirizwa kugira jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994.