Kubera iki Trump agabisha ko ashobora kwigarurira Groenland n'umugende wa Panama?

  • Umwanditsi, Kayla Epstein
  • Igikorwa, BBC News

Donald Trump azoshikirizwa amabanga ku wa 20 Nzero (1) 2025. Mu myiyamamazo yiwe, uno mu-Repubulikani yemereye abanyagihugu kurinda Amerika intambara zo hanze, nk'intambara yo muri Ukraine, kuduza amakori ku bidandazwa biva mu bihugu vy'incuti no kunagura amahinguriro yo hagati mu gihugu.

Ariko mu misi mike iheze, yashikirije amajambo yerekana poritike yiwe yo hanze irimwo agasotoro.

Ubwa mbere, yatanguye avuga afyinata kuri Canada mu kuvuga ko ari intara y'inyongera ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva ico gihe, agabisha ko ashobora gusubira kwigarurira Umugende wa Panama (Canal de Panama).

Yashimangiye kandi icipfuzo ciwe co kuva mu kiringo ciwe ca mbere co kwigarurira intara ya Groenland yegukira Danemark.

Bisa n'ibidashoboka ko Amerika yigarurira akarere na kamwe muri utu. Ariko aya majambo yiwe ashobora kwerekana ko imbonakazoza ya Trump "America First" (twogereranya na ''Amerika imbere ya vyose) irimwo ikoreshwa ry'inguvu za gisirikare z'iki gihugu hanze y'imbibe zaco mu kurwanira inyungu zaco mu vy'ubudandaji no mu vy'umutekano.

Ku wa Mungu, Trump yabwiye ikoraniro ry'abagendera ku vyiyumviro vya kera mu ntara ya Arizona ko Panama itoza "amakori ateye isoni kandi y'akarenganyo kanini cane" amato ya Amerika kugira ngo akoreshe uno muhora witiranywa nico gihugu.

Umugende wa Panama ni umugende w'amazi w'ibilometero 82 wo muri Panama uhuza ibahari Atalantike n'ibahari Pasifike, ukajabuka uca hagati ku butaka bw'igihugu ca Panama.

Inyuma y'aho ihagarariye iyubakwa ry'uno mugende mu ntango z'ikinjana ca 20, Amerika yarawushikirije Panama mu myaka ya 1970 biciye mu masezerano. Ariko muri ino ndwi, Trump yavuze ko ubu "busuma" budahagaze, azosaba ko uno muhora usubizwa Amerika - nubwo atavuze ingene yobigenza.

Trump yongeyeko ko adashaka ko umugende wa Panama "ugwa mu minwe mibi", akaba yavuze cane cane mu minwe y'Ubushinwa bufise inyungu nyinshi kuri uno mugende.

"Harimwo inyungu nyayo ku mutekano wa Amerika….mu kugenzura ko ataho wegamiye", bivugwa na Will Freeman, umushakashatsi mu bijanye n'inyigisho za Amerika yo mu Bumanuko mu kigo Council on Foreign Relations, kuri ano majambo ya Trump.

"Ijambo rya Trump ryerekeye cane cane ibi".

Ubushinwa ni co gihugu kiza ubugira kabiri mu gukoresha Umugende wa Panama inyuma ya Amerika, nk'uko ibiharuro bivyerekana. Ufise kandi n'imitahe ikomeye mu gihugu.

Mu 2017, Panama yahagaritse imigenderanire na Taiwan ica yemeza ko ari agace k'Ubushinwa, intsinzi ikomeye kuri Pékin/Beijing (ubutegetsi bw'Ubushinwa).

Umugende wa Panama si ngombwa gusa ku bucuruzi bwa Amerika mw'ibahari Pasifike, niko Freeman avuga - mu gihe hoba intambara ya gisirikare n'Ubushinwa, woba nkenerwa mu kwunguruza amato ya Amerika n'ibindi bikoresho.

Yaravuze kandi no ku majambo Trump akunda kuvuga ku bijanye n'ukuntu ibihugu bikorana na Amerika mu vy'ubucuruzi bifata nabi Amerika, hamwe n'ivyo uno aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu yiyemeje vyo kuduza cane imisoro ku bidandazwa biva hanze, cane cane ibiva mu Bushinwa.

Imyidogo ya Trump ku bijanye n'amahera yo kwunguruza ibintu mu bwato isa n'iyigaragaza imbono ziwe ku bijanye n'ubudandaji, nk'uko Freeman abivuga.

Nubwo aya majambo ashobora kuba ayo "gukangira", nk'uko Freeman abivuga, hasigaye kuraba "nimba abategetsi b'uno mugende bazogabanya amafaranga atozwa ku bidandazwa vya Amerika mu kwishura kuri iki gitsure".

Umukuru w'igihugu ca Panama José Raúl Mulino yasohoye itangazo avuga ko uno mugende n'imicungararo yawo vyegukira igihugu ciwe – kandi ko bizokwama uko.

Trump yerekeje amaso muri Groenland

Mu mpera z'indwi iheze, Trump yanditse ku mbuga hwaniro ko Amerika "yumva ko kwigarurira ikagenzura Goenland ari ngombwa cane" ku mvo z'umutekano w'igihugu n'ubwigenge bw'isi.

Amerika ibandanya ifise ikigo ca gisirikare Pituffik Space Base muri Groenland. Aka karere kicaye ku matungo kama, harimwo amabuye y'agaciro ya ''terres rares'', kandi kari ahantu hakomeye mu bijanye n'ubudandaji, ibihugu rutura bikaba bibandanya birondera gushika muri ako karere ka Arctique.

Uburusiya cane cane bubona ko aka karere koba ari akaryo keza.

Trump yatanze iciyumviro co kugura Groenland mu 2019, mu kiringo ciwe ca mbere c'umukuru w'igihugu, kandi nticigeze kigira ico gishitseko.

Muri iyi ndwi, niho umushikiranganji wa mbere wa Groenland, Múte B Egede, yishura Trump ku majambo yiwe ati: "Ntitugurishwa kandi ntituzogurishwa".

Hagati aho, Trump yabandanije ashimangira amajambo yiwe ku mbuga hwaniro.

Ku rubuga rwa Truth Social, umuhora wa Trump werekana isanamu y'ibendera rya Amerika ririko rirashingwa hagati mu mugende wa Panama.

Umuhungu wiwe agira kabiri, Eric Trump, yasohoye isanamu ku rubuga rwa X yerekana Amerika ishira Groenland, Umugende wa Panama na Canada mu gikapo ca Amazon co ku rubuga ngurukanabumenyi.

Ukwemerera abanyagihugu ko azokoresha inguvu za Amerika ku nyungu zayo kwarafashije Trump mu kwiyamamariza ibiringo vyiwe bibiri vy'umukuru w'igihugu.

Ni amayeri yakoresheje mu kiringo ciwe ca mbere, mu kugabisha kuduza imisoro no kurungika "ingabo zifise ibirwanisho" kugira ngo ahimirize Mexique kwongereza inguvu mu gucungera urubibe rwayo na Amerika.

Mu gihe ariko yegereza ikiringo ciwe kigira kabiri, Trump ashobora gutegura gukoresha amayeri nk'aya ni yamara kurahira ku wa 20 Nzero.

Mu gihe hagisigaye kuraba ikizoba, Danemark itangaza ko yipfuza gukorana na reta yiwe.

Itangaza kandi ko igiye kwongereza cane amafaranga agenewe igisata co kwivuna abansi muri Groenland, amasaha makeyi inyuma y'uko Trump asubiyemwo icipfuzo ciwe co kugura akarere ka Arctique.