Amatora ya Amerika 2024: Ubushinwa buranyubaha kuko Perezida Xi azi ko ndi 'umusazi' – Trump

  • Umwanditsi, Kayla Epstein
  • Igikorwa, BBC News, New York

Donald Trump avuga ko ari nka hamwe yoramuka asubiye ku butegetsi Ubushinwa butokwubahuka kumusomborotsa kuko Perezida Xi Jinping azi ko uno mu Repubulikani ari “umusazi”.

Avugana n’abanyamakuru b’ikinyamakuru Wall Street Journal, Trump yavuze ko aramutse atowe mu matora ategekanijwe mu kwezi kuza, azoca aduza amakori ku bidandazwa vy’Ubushinwa ari nka hamwe bworamuka burondeye kugota Taiwan.

Ati: “Novuga nti: uramutse ugiye muri Taiwan, umbabarire kuri iki, nzokudugirizako imisoro kuva kuri 150% gushika kuri 200%”.

Mu myiyamamazo yiwe, uno mukandida w’umugambwe w’Abarepubulikani avuga ko abakeba ba Amerika batoshobora kubangamira inyungu za Amerika ku butegetsi bushasha bwa Trump kuko botinya ingaruka zikomeye kandi batari biteze.

Yabwiye abanyamakuru ba Wall Street Journal ko atokoresha inguvu za gisirikare mu kuzibira igotwa rya Taiwan, kubera Perezida Xi “aranyubaha kandi azi ko ndi umusazi”.

Ati: “Nari mfise ubucuti bukomeye cane nawe. Mu bisanzwe yari umuntu mwiza, si ngomvye kuvuga ngo umugenzi – si nshaka kurenza urugero, ngo mvuge ngo ‘yari umugenzi wanje’ – ariko gusa mfitaniye imigenderanire myiza nawe”.

Yongerako ati: “Ni umuntu akaze cane”.

Uno yahoze ari umukuru w’igihugu aravuga kandi no ku migenderanire myiza afitaniye na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ati: “Nari mfitaniye imigenderanire myiza nawe”.

Ariko Trump – mu gihe yigeze kunegurwa inyuma yo gushimagiza Putin – yavuze ko yamugabishije ko atohirahira ngo atere Ukraine.

Yabwiye ico kinyamakuru ko yabwiye Putin ati: “'Nzogukubitira hagati muri Moscou’. Navuze nti, ‘Turi abagenzi. Si nshaka kubikora, ariko nta kundi nogira’. Na we ati ‘Ntushobora’. Nanje nti ‘Ndashobora’.

“Namubwiye nti, ‘Uzokubitwa bikomeye cane, nzobanza nkure hejuru yawe izo domes’. Kubera, ico womenya, asanzwe yipfutse izo domes”.

Na yo ku vyo yiyemeje vyo kurwana intambara mu gusata c’ubudandaji kandi akavana Amerika mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine, Trump ashira imbere poritike yiwe ya Amerika ubwa mbere (America First), nubwo abakeba biwe bavuga ko ari iyo kwitaramura.

Itorwa rya JD Vance ngo yiyamamarize hamwe na Trump nk’icegera ciwe ryarateye impungenge incuti za Ukraine, kuko uno mukenguzamateka wa Ohiao aterekwa na gato ivyo kurungikira Ukraine iyindi mfashanyo.

Ku vyerekeye umugambi wo kwirukana abimukira

Trump, mu gihe imyiyamamazo yiwe ihagaze cane ku kibazo c’abimukira, yabwiye Wall Street Journal ati: "Ndashaka ko abantu benshi baza, ariko nshaka ko baza bisunze amategeko".

Abajijwe umugambi wiwe wo kwirukana abimukira badafise vya ngombwa, agira ati: "Si nshaka kuvuga vyinshi hano, kuko ndamutse mbaye mwiza cane, niko abantu benshi bokwinjira mu gihugu mu nzira zinyuranye n’amategeko”.

Trump kandi arashigikira poritike yo gutandukanya imiryango y’abimukira yakoze mu gihe c’ubutegetsi bwiwe.

Ati: “Navuze nti, 'Tuzosambura umuryango wawe'. Ni vyo, si ikintu kiryoshe, ariko iyo umuryango wumvise ko tuzowusambura, urazi ico baca bagira? Baca baguma aho bari, kubera ari ibintu bigoye kwihanganira.

"Ariko kubw'umutima, ego, hariho ikizokorwa. Aha nshaka kuvuga ko hari ibintu bituma umuntu ataba intungane, ariko kandi ni ngombwa ko tugira umutima. Si vyo?”

Mu gihe igihe kiriko kirabajana imbere y‘amatora yimirije, Kamala Harris na Donald Trump nta mwanya batakaza mu guhamagarira abatora, cane cane muri za ntara mahindagu, ko bobahunda amajwi.

Niko kandi babandanya baterana amajambo. Trump avuga ati Abanyamerika bakeneye “kwiganzura” Kamala Harris, mu gihe Harris nawe yagiriza Trump ko yiyumvira inyungu ziwe gusa aho gushira imbere inyungu z’Abanyagihugu bose ba Amerika.