"Bakubwira ngo fata umugabo…ni benshi ndajuragirika"
Huguette Izobimpa, niwe murundikazi azwi yihaye izina m'Ubufaransa, na cane cane m'Ububiligi iyo ari kunonosora ubuhanzi bwa 'Slam'.
Agaragaza ibiri mu kibano, mu 'mazina', kenshi atwenza, ashobora no kuyavanga n'ibicurarangisho.
Niwe wenyene mu ny'Afrikakazi yiga mu kigo rurangiranwa c'ubuhanzi, "Conservatoire Royal de Bruxelles".
Yamenyekaniye ubwambere yaserukiye u Burundi mu mahiganwa ny'Africa y'ubwo buhinga.
