Amayobera muri Afrika y'Epfo inyuma yo gutora ibiziga 3 vy'abapolisi

Ahavuye isanamu, South Africa Police Service
- Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi & Pumza Fihlani
- Igikorwa, BBC News, London & Johannesburg
Igipolisi muri Afrika y'epfo kiracarondera kumenya ivyabaye ku ntwazangabo zitatu z'abapolisi batowe ibiziga mu ruzi bari bamaze iminsi itandatu batazwi irengero.
Boipelo Senoge, w'imyaka 20, Cebekhulu Linda, 24, na Keamogetswe Buys yari afise imyaka 30 baherukwa ubwa nyuma ku munsi wa gatatu w'indwi iheze bavuye ku gituro ca peterori I Johannesburg.
Ibiziga vyabo vyatowe n'abantu bazikwibira mu ruzi Hennops ku km 70, kumwe n'ibindi bisigarira vy'abantu babiri batatangajwe imyirondoro yabo.
Ubwa mbere igipolisi cari cabanje kumenyesha ko kiriko gikora amatohoza ko boba baguye mu mutego canke boba banyurujwe, ariko kuri uno wa kabiri cavuga ko kidashobora kwemeza canke guhakana ko izo mpfu zabo zishobora kuba zavuye kw'isanganya.
Itangazo ryavuye mu gipolisi rimenyesha ko zo ntwazangabo 3 mu gipolisi, bose bari bafatanye urugendo mu modokari yo mu bwoko bwa VW Polo igihe baburirwa irengero.
Akuma kerekana aho imodokari iri hamwe na terefone zabo ntivyasubiye gushobora kuboneka kuva ico gihe.
Umugwi ujejwe kurondera nta rwatsi wasize utagaraguye hirya no hino mu ntara za Gauteng, Free State na Limpopo, baratinda baratora ibice vy'imodokari bibaza ko ari VW Polo, nk'uko vyamanyeshejwe na komiseri w'igipolisi Fannie Masemola.
Hari na Van ya Renault Kangoo yatowe hafi y'aho ku nkombe za Hennops.
Abo bapolisi bari ku rugendo baturutse Free State baja Limpopo, igihe baburirwa irengero.
Abajejwe kurondera batoye ibiziga bitanu hagati yo kuwa mbere no kuwa kabiri.
Iruhande y'abo bapolisi batatu, babonye ibisigarira vy'umukozi wo mu biro mu gipolisi nyene atatangajwe izina.
Uwo mukozi wo mu biro niwe yari atwaye van, nk'uko Gen Masemola abivuga.
Avuga kandi ko ikiziga kigira gatanu cari camaze kwononekara, kitari bwamenyekane nyene co.

Ahavuye isanamu, South Africa Police Service
Igipolisi kiracashakisha iyo modokari barimwo.
Ironderwa ry'abo bapolisi batatu ryakwiye cane ku mbuga hwaniro, abanyagihugu barikwirikiranira hafi bongera basenga.
Inyuma yo gutora ibiziga, ababo bari baguye mu gahundwe baciye bakoranira ku nkombe z'uruzi Hennops, bafise n'utumuri.
Mw'ijambo yashikirije kuri yu wa kabiri, Gen Masemola yagize ati:"Ntidushaka kuvuga ivyo tutaratohoza neza muri kano kanya, ku catumye ibiziga vy'aba bantu bitorwa mu ruzi, nimba ari isanganya canke atari ryo, amatohoza yacu azobigaragaza niyo twatora imodokari.
Ibi bigaragaza kwihindukiza mu mvugo kuva ku munsi w'Imana, aho komiseri yari yagize ati: "Ntidushobora kwemera ko abagizi ba nabi baburagiza ubutegetsi bwa leta mu gufata mpiri abapolisi batatu b'intwazangabo. Uku ni ukugabisha abari inyuma y'ibi (izimangana ryabo) muhitemwo kwishikana, canke tubironderere."