Macron yagirijwe akagaye kubera amajambo yavuze kuri Africa

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News
Senegal na Tchad vyiyamirije cane amajambo yavuzwe n'umukuru w'Ubufaransa Emmanuel Macron ku bihugu vyo muri Afrika bidashimira ico gihugu ku ruhara cagize mu gufasha kurwanya intagondwa zigwana ziyitirira idini rya Islam (djihadist).
Ku wa mbere, Macron yavuze ko ibihugu vyo mu karere ka Sahel ''vyibagiye'' gushimira Ubufaransa ku ruhara rwabwo mu gihe ingabo z'Ubufaransa zibandanya kuva mu bihugu vya Afrika y'Uburengero.
Yavuze ko ata gihugu co mu karere ka Sahel kiba kikiri igihugu c'ubutavogerwa iyo hataba uruhara rw'Ubufaransa mu gufasha ko bitagwa mu minwe y'izo ntagondwa.
Mu kwishura, umushikiranganji wa Tchad ajejwe imigenderanire yavuze ko amajambo ya Macron yerekana akagaye kuri Afrika.
''Tchad iratewe umutima uhagaze bikomeye n'amajambo yashikirijwe ubu vuba na perezida w'Ubufaransa, yerekana ingendo y'akagaye kuri Afrika n'Abanya-Afrika,'' niko yavuze ku mboneshakure y'igihugu.
Yavuze ati: ''Abategetsi b'Ubufaransa bategerezwa kwiga kwubaha Abanya-Afrika no kwemera agaciro k'ukwitanga kwabo''.
Umushikiranganji wa mbere wa Senegal Ousmane Sonko yavuze ko Ubufaransa muri kahise bwagize uruhara mu ''guhungabanya ibihugu bimwe bimwe vya Afrika nka Libya'' vyateye ''ingaruka z'akaga'' mu mutekano w'akarere.
Macron yavugiye ayo majambo i Paris mu nama ngarukamwaka y'abaserukira Ubufaransa mu bindi bihugu, avuga ko Ubufaransa bwemera ko bufise inyungu muri ako karere ariko ahakana ibivugwa ko Ubufaransa bwirukanywe muri Afrika.
Ingabo z'Ubufaransa zararungitswe muri Mali mu 2013 gufasha kurwanya intagondwa za Islam. Haheze umwaka ubwo butumwa bwaragutse, harungikwa ingabo no mu bindi bihugu vy'akarere, harimwo Niger na Burkina Faso.
''Twagize neza [kuba twararungitseyo ingabo]. Nibaza ko hari umuntu yibagiye kuvuga ati mwarakoze. Nta ngorane, bizoba biraba,'' niko Sarkozy yavuze ku wa mbere.
''Ariko ivyo ndabibwira abakuru bose ba Afrika batubahutse ngo baje imbere y'banyagihugu bemange [ko twagize neza]. Nta na kimwe kiba kikiri igihugu c'ubutavogerwa iyo ingabo z'Ubufaransa zitarungikwa muri ako karere.''
Sonko yavuze ko ku vyerekeye ingingo ya Senegal yo gusaba ingabo z'Ubufaransa kuva muri ico gihugu, ivyo Macron yavuze ''atari vyo na gato''.
Yavuze ko ata mwumvikano wabaye hagati ya Senegal n'Ubufaransa ku bijanye n'ingingo yo kwugara ibigo vyabwo vya gisisirikare muri ico gihugu.
Yavuze ko iyo ngingo yafashwe na Senegal ''ubwayo yonyene nk'igihugu cikukiye kandi cigenga''.
Yaba Sonko yaba na Koulamallah bompi bagarutse ku ruhara rw'abasirikare b'Abanya-Afrika mu kubohora Ubufaransa mu ntambara z'isi.
''Iyo abasirikare b'Abanya-Afrika, rimwe na rimwe bajanwa ku gahato, bafatwa nabi amaherezo bagahemukirwa, batagenda mu Ntambara ya Kabiri y'Isi kurwanira Ubufaransa, buba, kumbure, bukiri mu minwe y'Ubudagi,'' niko Sonko yavuze.
Tchad, Senegal na Côte d'Ivoire ubu vuba vyarahagaritse amasezerano y'umutekano vyari bifitaniye n'Ubufaransa - mu gihe Mali, Burkina Faso na Niger navyo vyabwiye ingabo z'Ubufaransa kuva muri ivyo bihugu inyuma yaho ubutegetsi bwavyo bwigaruriwe n'igisirikare.
Ijambo n'ikibanza c'Ubufaransa muri ako karere vyagiye birayoyoka muri iyi myaka iheze, aho ico gihugu cahoze kibitwara gikoroni cagirizwa ubukoroni bushasha n'imigenderanire yungukira Ubufaransa gusa.
Abategsi ba gisirikare muri Niger, Mali na Burkina Faso ubu biyegereje Uburusiya inyuma yaho Ubufaransa buviriye muri ivyo bihugu.
Ku wa mbere, umushikiranganji wa Tchad ajejwe imigenderanire yavuze ko uruhara rw'Ubufaransa muri ico gihugu rutarenze urwo kurwanira inyungu zabwo mu gihe Tchad yari ihanzwe n'ibibazo vy'umutekano n'izindi ngorane mu kiringo c'imyaka 60 yo gufashanya nabwo.
Tchad yahagaritse amasezerano yayo n'Ubufaransa mu vyo kwivuna abansi mu kwezi kwa Munyonyo (11), ivuga ko ''igihe cageze ko Tchad ishimangira ubwigenge bwayo hanyuma igasubiramwo uko ifashanya [n'ibindi bihugu] ishingiye ku biza imbere y'ibindi mu nyungu z'igihugu''.