Umugore wa mbere w'umwami w'Abazulu yananiwe no kumubuza kurongora umugore agira gatatu

Umwami w'Abazulu Misuzulu kaZwelithini ahanganye n'inzitizi mu bugeni bwiwe  ategekanya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umwami w'Abazulu Misuzulu kaZwelithini ahanganye n'inzitizi mu bugeni bwiwe ategekanya
  • Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
  • Igikorwa, BBC News

Umugore wa mbere w'umwami w'Abazulu muri Afirika y'Epfo Misuzulu kaZwelithini, yananiwe mu twigoro twiwe two guhagarika imigambi yiwe yo kurongora umugore agira gatatu

Umwamikazi Ntokozo kaMayisela yaruguruje urubanza muri sentare imbere y'ubugeni bwari bwitezwe mu mpera z'ino ndwi.

Ariko nubwo hafashwe icemezo, ntibiramenyekana nimba ubugeni buzogenda uko bwari butegekanijwe.

Ku wa gatandatu, ibinyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo vyasubiyemwo ibiri mu rwandiko rw'umwami ruvuga ko ibirori vy'ubugeni vyahagaritswe "kubera imvo zirengeye ububasha bw'ikirimba c'umwami".

Uguharika (kurongora abagore benshi canke ukurongorwa n'abagabo benshi) kuremewe muri Afrika y'Epfo, ariko gusa mu gihe kwanditswe nk'ubugeni bushingiye ku migenzo.

Ibi bibaye inyuma y'uruhererekane rw'ibibazo vyagiye bishikira Umwami Misuzulu kuva yimikwa, haraciye imyaka irenga ibiri.

Umwami w'Abazulu nta bubasha bwa politike afise kandi n'uruhara rwiwe muri Afrika y'Epfo ahanini ni urw'imigirwa, ariko aguma afise ikibanza, mbere na reta imutegekaniriza amamiriyoni menshi y'amadorari akoresha buri mwaka.

Imbere y'uko yimikwa, uno mwami yari yarongoye Mayisela mu 2021 imbere y'amategeko.

Mu birego yatanze vyumvirijwe na sentare nkuru y'igihugu ejo ku wa mbere, uno mwamikazi, biciye ku muvugizi wiwe, yavuze ko umwami adashobora kurongora uwundi mugore kuko ubugeni bwabo bucemewe imbere y'amategeko.

Umwami w'Abazulu Misuzulu yitwariwe n'umugore wiwe wa mbere, Umwamikazi  Ntokozo kaMayisela, ku mugambi wiwe wo kurongora umugore agira gatatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwami w'Abazulu Misuzulu yitwariwe n'umugore wiwe wa mbere, Umwamikazi Ntokozo kaMayisela, ku mugambi wiwe wo kurongora umugore agira gatatu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu mategeko ya Afrika y'Epfo, ubugeni bubaye imbere y'amategeko butegerezwa kubanza gusamburwa (hakaba ukwahukana) canke bugahindurwa ubugeni bushingiye ku migenzo imbere y'uko umugabo yabira abandi bagore.

Ntibisobanutse neza igituma amasezerano y'ukwabirana atabaye ikibazo igihe umwami yarongora umugore agira kabiri, Umwamikazi Nozizwe Mulela-Zulu, mu 2022.

Ariko nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Sunday World co muri Afrika y'Epfo gisohoka ku ndwi, gifatiye kw'ikete Umwamikazi Mayisela yandikiye abakurambere ku kirimba c'umwami w'Abazulu, bompi bari bemeye guhindura ubugeni bwabo bushingiye ku mategeko bukitwa ubushingiye ku migenzo.

Abashingwamanza babo barabahaye uburenganzira bwo guhitamwo kwahukana bakubakana n'abandi bashaka, canke bagasaba guhindura kamere y'ubugeni bwabo. Biboneka ko bahisemwo iki ca kabiri ariko Umwami Misuzulu "yafashe ingingo yo guhindura ivyiyumviro" kubera imvo zitazwi, nk'uko umwamikazi abivuga.

Mu kwanka ikirego c'ejo ku wa mbere co guhagarika ubugeni bw'umwami na Nomzamo Myeni, umucamanza Bongani Mngadi yavuze ko, kubera umwamikazi yari yamaze kwemera iciyumviro c'uko umugabo wiwe yari gushobora kurongora abandi bagore, atashobora guhagarika ibirori.

Nubwo hari iri kete risaba guhagarika ubu bugeni kandi n'umushingwamanza w'umwami akavuga ko ubu bugeni budashobora kuba, hariho amajambo yo kuvuguruzanya.

Ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo TimesLIVE gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi kivuga ko uno yimirije kurongorwa ataco azi kuri iryo kete kandi ko ku vyo azi, ubugeni bwiwe buzobandanya nk'uko busanzwe butegekanijwe.

Nk'uko bivugwa n'ikindi kinyamakuru gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, IOL, kivuga ko cavuganye n'umugabo n'umugore, umwami ashimangira ko akunda Myeni kandi ko azocisha ahiwe akamurongora.

Kuva yimitswe muri Gitugutu (10) 2022, ingingo zimwe zimwe Umwami Misuzulu yagiye afata zateje impari.

Muri Kigarama (12) umwaka uheze, yarahagaritse mu buryo butemewe n'amategeko ubuyobozi bw'ishirahamwe Ingonyama Trust, rifise kandi rigenzura amatongo manini manini mu ntara ya KwaZulu-Natal, amatongo afatwa ko ariho ku nyungu n'imibereho myiza y'abanyagihugu bayobowe n'uno mwami muri ako karere.

Umwami Misuzulu ni we wenyene ahagarariye kandi akaba n'umuyobozi w'iryo shirahamwe, ariko nta bubasha afise bwo gufata canke kwirukana abagize inama nyobozi yaryo.

Aherutse kandi no kwirukana babiri mu bishikira biwe batabanje kugabishwa, harimwo n'umushikirangoma wiwe wa mbere - ivyo bikaba vyatumye abakurikiranira hafi ibibera i bwami batangura kugira amakenga.

Ikibanza ca Misuzulu nk'umwami na co nyene kiriko kiribazwako vyinshi na bamwe bamwe, mbere hari n'urubanza rurwanya uburyo reta yamwemeye nk'umwami.

Yashitse ku ngoma imbere y'igihe kurusha uko vyari vyitezwe inyuma y'aho se wiwe, Umwami Goodwill Zwelithini, apfiriye mu gihe c'ikiza ca Covid muri Ntwarante (3) 2021 kubera indwara y'igisukari.

Zwelithini yari umwami w'Abazulu yari amaze igihe kirekire gusumba abandi bose, aho yari amaze imyaka yababa 50 ari ku ngoma.