Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uno wa mbere: Real Madrid ihanganye na Arsenal kuri Zubimendi

Liverpool yiteguye gutanga amahera ya nyuma angana n'imiriyoni 118 y'amapawundi (amafaranga y'Abongereza), harimwo n'uturusho, ku mukinyi wo hagati w'Ubudagi Florian Wirtz w'imyaka 22, inyuma y'aho Bayer Leverkusen yankiye imiriyoni 113 z'amapawundi yatanzwe n'uwo murwi wo mu Bwongereza . (Mail)

Everton iripfuza umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Jack Grealish w'imyaka 29, ariko yomuronka ku ntizo kubera umushahara wiwe muri Manchester City. (Mail)

Real Madrid igiye kugerageza ubwa nyuma kugura umukinyi wo hagati wa Real Sociedad umunya-Espagne Martin Zubimendi w'imyaka 26, ari hafi yo kwimukira muri Arsenal. (AS - mu ki-espanyole)

Arsenal ntirashobora kwumvikana na RB Leipzig ku musatirizi wayo, umunya-Slovenia Benjamin Sesko w'imyaka 22, ariko harategekanijwe ibindi biganiro. (Sky )

Umusatirizi wa Danemark Rasmus Hojlund,w'imyaka 22, avuga ko ivyo kuva muri Manchester United, bitari mu mutwe, nubwo hari amakuru avuga ko ashobora kwimukira muri Inter Milan. (Talksport)

Umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Myles Lewis-Skelly w'imyaka 18, yiteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha muri Arsenal nubwo Real Madrid imwipfuza. (Football Insider)

Borussia Dortmund yanse imiriyoni 35 z'ama-euro atangwa na Chelsea ku mukinyi wayo wo ku ruhande, Umwongereza Jamie Gittens w'imyaka 20, ikaba imushakako imiriyoni hagati ya 50 na 60 z'ama-euro. (Sky Sports)

Chelsea iriteguye kuriha AC Milan amahera ashika imiriyoni 15 z'ama-euro ku munyegori wayo, Umufaransa Mike Maignan w'imyaka 29. (Sky Sports)

Umukinyi w'inyuma wa Verona n'umurwi nserukiragihugu w'Ubutaliyano Diego Coppola w'imyaka 21, yateye amero Bournemouth na Como agashobora kuronderwa muri iri ci. (Football Insider)

Umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen yanse amasezerano afise agaciro k'imiriyoni 30 z'ama-euro ku mwaka yemerewe na Al-Hilal yari yemeye kuriha umurwi Napoli imiriyoni 74 z'ama-euro urondera kuri uno mukinyi w'imyaka 26. (Football Italia)

Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Jadon Sancho w'imyaka 25, ni umwe mu bakinyi batari bake bashobora kugurwa na Al-Hilal muri rino ci. (Foot Mercato -mu gifaransa)

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Butaliyano riripfuza uwahoze ari umumenyereza wa Chelsea, Leicester City na Roma, Claudio Ranieri, kugira ngo asubirire Luciano Spalletti nk'umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubutaliyano. (Football Italia)

Ni ayahe masezerano amaze gushikwako muri iki gice ca mbere kirangira ejo ku wa 10 ruheshi?

Kuva iki gice ca mbere c'igura n'igurishwa gitanguye, hari ku wa 01 uku kwezi, ngaya masezerano amaze gushikwako:

  • Manchester United yaremeye amasezerano yo kugura umusatirizi wa Brezili Matheus Cunha asanzwe akinira Wolves, ku miriyoni 62.5 z'amapawundi asabwa kuri we.
  • Brentford yaraguze umunyegori Caoimhin Kelleher yari asanzwe asamira Liverpool kugira ngo asubirire Mark Flekken, inyuma y'aho uno munyaholande yimukiye muri Bayer Leverkusen.
  • Chelsea yahejeje kugura umusatirizi wa Ipswich Town Liam Delap ku miriyoni 30 z'amapawundi, ikaba yariko imurwanira na Man Utd, Newcastle na Everton.
  • Umukinyi w'inararibonye wo hagati Jorginho yarasezeye muri Arsenal yimukira mu murwi Flamengo wo muri Brezili kuri gusa.
  • Umukinyi w'inyuma Umwongereza Lloyd Kelly yaramaze gutera igikumu ku masezerano y'imiriyoni 20 y'amapawundi yo kwimukira burundu muri Juventus avuye muri Newcastle, inyuma y'umwaka yari amaze yatijijwe muri uwo murwi wo mu Butaliyano.