"Amatora ntashoboka ata gitoro" - Urunani Burundi Bwa Bose

Abantu batondeye bisi ku gituro co hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura, impande y'ahahoze isoko nkuru, Mukakaro 2024
Insiguro y'isanamu, Gutondera bisi igihe kirekire canke kugenda n'amaguru uja canke uva ku kazi bisigaye ari ibintu bimenyerewe cane mu gisagara ca Bujumbura

Urunani rw'imigambwe Burundi Bwa Bose ruriko ruritegurira kwitaba amatora yimirije mu Burundi mu mezi adashika abiri ruvuga ko ayo matora ''adashoboka mu gihe abitoza badashobora gushikira abanyagihugu".

Vyavugiwe mu kiganiro n'abamenyeshamakuru na Kefa Nibizi, umunyamabanga mukuru w'urani Burundi Bwa Bose.

BBC ibajije urwego rujejwe amatora, CENI, ico ruvuga kuri izo mpungenge, ubuvugizi bwarwo bwasubije mu buryo bwanditse buti:

''Amatora ni urubanza ruhambaye mu buzima bw'igihugu. Mu gutunganya amatora, umugwi CENI uguma ukorana na ntaryo n'abegwa n'amatora bose ( Inzego z'igihugu, imigambwe, amashirahamwe aharanira ineza ya bose...). Mu mugwi CENI rero ntidukekeranya ko ikibazo c'igitoro kiri mu myitwarariko y'inzego z'igihugu zisanzwe zibijejewe.''

Ayo matora y'abashingamateka, abakenguzamateka, abajenama b'amakomine n'imitumba ategekanijwe mu ntango z'ukwezi kwa Ruheshi (6), imyiyamamazo nayo itangure hagati mu kwezi kwa Rusama (5).

Ikibazo c'ibitoro mu Burundi kimaze imyaka irenga ibiri carabaye akananirabahinga.

'Jewe ubwanje barandiye igituririre ca miriyoni 4' - Perezida Ndayishimiye

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye harashitse igihe avuga ko ico kibazo acifatiye mu ntoke ubwiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko ku wa gatanu w'indwi iheze, ari mw'ikoraniro n'abagwizatunga, yavuze ko kompanyi y'igihugu SOPEBU reta yiwe yashizeho ngo itunganye itangwa ry'igitoro mu gihugu ubu ''ari yo nyene'' yashinze isoko rya magendo ry'ico gitoro.

''Uno munsi ntihariho marché noir [isoko ya magendo] y'igitoro"Ifoto ifotorewe hafi igaragaza igice cyo hasi cy'abagabo bambaye amakoboyi barimo kugenda mu muhanda urimo abantu benshi muri Koreya y'Epfo. " loading="lazy" width="1408" height="792" style="aspect-ratio:1408 / 792" class="bbc-139onq"/>