Burundi: 'General' Ndirakobuca ku rutonde rw'abazokwitoza mu bukenguzamateka

Gervais Ndirakobuca arimo kwiyamamaza mu mugambwe CNDD-FDD

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD

Insiguro y'isanamu, Gervais Ndirakobuca, jenerali aheruka kurungikwa mu kiruhuko c'izabukuru ubu arimwo kwitoza

Hibajijwe vyinshi igihe umushikiranganjanji wa mbere w'Uburundi Lieutenant General Gervais Ndirakobuca yarungikwa mu kiruhuko c'izabukuru mu giporisi imbere y'igihe.

Itegeko ry'umukuru w'igihugu rimushira muri ico kiruhuko ryasohotse ku wa 9 uku kwezi kwa Rusama (5), rivugako ahawe ico kiruhuko umukuru w'igihugu aravye ibiri muri dosiye yiwe ariko bitavuzwe ivyo ari vyo.

Ingingo yasohotse hasigaye amasaha make ngo umugwi ujejwe amatora CENI wugare ikiringo co kwakira intonde z'abashaka kwitoza mu bukenguzamateka.

None ku ntonde zashizwe ahabona n'uwo mugwi, Gervais Ndirakobuca ni we nomero ya mbere mu ntara nshasha ya Bujumbura irimwo iyahora ari intara yiwe y'amavukiro ya Cibitoke.

Naho inyishu zose zitaraboneka, kuba ari ku rutonde rw'abazokwitoza mu bukenguzamateka ni imwe muri zo.

Gusa ntawoshoka aca yemeza - nk'uko bamwe bavyibajije- ko aramutse atowe, azoca aba umukuru w'urwo rwego. Ariko kandi ku gihagararo ciwe – nta n'uworeka kwibaza ko atoja kuba umukenguzamateka asanzwe.

Hari n'abibibajije ko ashobora kuja gutwara umugambwe CNDD FDD. Ata n'iminsi ihaciye yaraye ashizwe mu kiruhuko c'izabukuru, yaciye agaragara mw'ikoraniro ry'uwo mugambwe ari mu mwambaro wawo, ivyo amategeko atamurekurira akiri mu rwego rw'igiporisi.

Uwundi yashizwe mu karuhuko c'iza bukuru hataragera ni General Generose Ngendanganya, umugore wa mbere yahawe ipeta nk'iryo mu Burundi.

Na we nyene ari mu kibanza ca mbere mu bazitoza mu nama nkenguzamateka ku ruhande rw'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD FDD, Révérien Ndikuriyo n'Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakuboca mu gikorwa c'imyiyamamazo y'uyu mugambwe muri iyi ndwi mu Cibitoke mu ntara ya Bujumbura

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD

Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD FDD, Révérien Ndikuriyo n'Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakuboca mu gikorwa c'imyiyamamazo y'uyu mugambwe muri iyi ndwi mu Cibitoke mu ntara ya Bujumbura
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD FDD, Révérien Ndikuriyo amwakiriye icese akamwereka abanywanyi, General Ndirakobuca yagize ati : "Ico ntabasaba ni ukunyereka umwonga uhuma n'uwudahuma", ashaka kubabwira ko uwo mugambwe awuzi neza. Yababwiye ko umwambaro wa CNDD FDD hari "abawambaye ari jewe ndawubambitse".

Ko yoba umunyamabanga mukuru wawo rero ntawe vyotangaza.

Hari n'ibindi bimenyetso vyerekana ko bishoboka. Umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD Révérien Ndikuriyo nawe nyene ni nomero ya mbere ku rutonde rw'abazokwitoza mu bukenguzamateka mu ntara ya Burunga.

Urwo rwego yararutwaye imyaka itanu imbere y'uko aba umunyamabanga mukuru w'umugambwe mu 2021.

Ndikuriyo asanzwe ari hafi kurangiza ikiringo muri ico kibanza. Kandi muri kahise k'uwo mugambwe gushika ubu, nta muntu arahabwa ikiringo ca kabiri co kuwurongora uwo mugambwe.

Amatora y'abakenguzamateka azoba ku wa 25 Myandagaro (8). Inyuma y'aho izindi nyishu ku vyo abantu bibajije zizoca zitangura kuboneka kuri kazoza ka General Ndirakubuca mu buzima bwa potirike bw'igihugu n'umugamwe wiwe wa CNDD FDD.

Gushika ubu aracari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.