RD Congo yemereye $5.000.000 uwuzofasha mw'ifatwa rya Corneille Nangaa umukuru wa AFC/M23

Reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo yemereye agashimwe ka miriyoni 5 z'ama dorari ($5.000.000, hafi miriyaridi 15 mu mafaranga y'Uburundi) uwuzofasha kugira hafatwe abakuru batatu ba Alliance Fleuve Congo, urunani rurimwo umugwi witwaza ibigwanisho ugwanya reta y'ico gihugu mu buko bwaco.

Ni umukuru warwo Corneille Nangaa, icegera ciwe Bertrand Bisimwa n'umukuru w'ingabo za M23 Sultan Makenga.

Biri mw'itangazo ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Congo bwasohoye kuri uyu wa gatanu.

Corneille Nangaa, n'abandi bantu 25 bagirijwe hamwe na we bagwiriyemwo abategetsi ba ba M23, bakatiwe urwo gupfa na sentare ya gisirikare y'i Kinshasa mu kwezi kwa Myandagaro (8) mu 2024, bagiririwe n'ivyaha birimwo guhemukira igihugu no gushinga umugwi urwanya ubutegetsi.

Mu bagirizwa bose hamwe 26, batanu: Eric Nkuba Malembe, Nangaa Baseyane, Safari Bishori Luc, Nkangya Nyamacho na Nicaise Samafu Makinu ni bo baburanye bapfunzwe, abo baburanye bahakana ibyaha.

Mu baciriwe urubanza impaga (batahari) harimwo:

  • Corneille Nangaa umukuru wa AFC
  • Bertrand Bisimwa icegera ca Nangaa
  • Gen Sultani Makenga, umukuru w'ingabo za M23
  • Col Willy Ngoma, umuvugizi wa gisirikare wa M23
  • Lawrence Kanyuka, umuvugizi wa AFC
  • Bernard Maheshe Byamungu icegera ca Gen Makenga
  • Jean Marie Vianney Kazarama yigeze kuba umuvugizi wa M23
  • Yvette Nazinda Lubanda umugore wa Corneille Nangaa
  • Henri Maggie yahoze mu mugambwe PPRD akaja muri AFC
  • Jean-Jacques Mamba yahoze ari umushingamateka yaagiye muri AFC muri uyu mwaka
  • N'abandi...

Reta ya Congo yemeye kuzoha kandi miriyoni zine z'ama dorari ($4.000.000) uwuzotanga amakuru yofasha mw'ifatwa ry'abo reta yita ivyitso vy'abo ivuga ko bahunze harimwo Perrot Luwara na Irenge Baelenge.

'Abaruciye bazosaba imbabazi'

Umunsi urubanza rwatangazwa, mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X , Nangaa yavuze ko ico gihano sentare yabaciriye ari "ikimenyetso c'ubwoba bw'ubutegetsi bubona ingene itembagara ryabwo ririko riraza''.

Nangaa yavuze ko ivyo bihano bakatiwe "biraba gusa ababitangaje".

Yongerako ati: "Inyuma yo kwibohora, abaruciye [urubanza] bizoba ngombwa ko basaba imbabazi kubera gushira mu ngiro ibwirizwa riboneka ko ritemewe n'amategeko, ryo gushimisha uwutwaza ingimba…"

Corneille Nangaa, yabaye umukuru w'umugwi ujejwe amatora muri Congo igihe prezida Felix Tshisekedi yitoza ubwa mbere mu 2018 agatahukana intsinzi yavanyemwo ikiringo ca mbere c'imyaka itanu.

M23, bivugwa ko ishigkiwe n'Urwanda, kuva mu ntango z'uyu mwaka yarongereje umurindi w'intambara ifata imirwa mikuru wy'intara za Kivu ya ruguru n'iy'epfo, Goma na Bukavu. M23 yongeye kuvyura intambara mu mpera za 2021 inyuma yo gutsindwa igahunga mu 2012.

Amakungu harimwo n'amashirahamwe yo mu karere Congo irimwo nk'iry'ibihugu vya Afrika y'ubuko, EAC, n'iry'ibihugu vya Afrika y'ubumanuko, SADC, ashishikariza reta ya Congo kugira ibiganiro n'impande zose zirabwa n'amatati yo muri ico gihugu, n'umugwi M23 urimwo.

Ariko gushika ubu reta ya Congo ivuga ko ibiganiro na M23 ari umurongo utukura idashobora kurenga.

Ku rundi ruhande, Urwanda rwagirizwa gufasha M23, ibihugu vya Buraya na Amerika bigize iminsi bikurikirana mu gufatira ibihano reta y'ico gihugu. Biyisaba kuvana ingabo zayo muri Congo no guhagarika gushigikira M23.

ONU igereranya ko ingabo z'Urwanda muri Congo zoba zishika 4.000.

Urwanda ivyo rurabihakana n'ubwo mu kiganiro na television imwe y'Abanyamerika, prezida w'Urwanda Paul Kagame yishuye ko atazi niba hari ingabo ziwe ziri muri Congo.

Reta y'Urwanda ivuga ko ifata ingamba zo gucungera umutekano w'igihugu cayo kubera ingaruka intambara yo muri Congo ikigirako.

Urwanda rwagiriza reta y'ico gihugu gufasha no gukorana na FDLR, umugwi ugwanya Urwanda ushingiye muri Congo. Abawugize bivugwa ko bahungiyeyo bahejeje gukora ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu 1994 ryahitanye abantu batari munsi ya 800.000 na cane cane b'Abatutsi.

Amashirahamwe ya EAC na SADC - Congo iri muri yompi - aherutse kugena abahuza batatu ngo bashire hamwe inzira za Luanda na Nairobi zo kuronderera inyishu y'amahoro ikibazo c'umutekano mu buko bwa Congo kimaze imyaka hafi 30.