'Bafashe ku nguvu abagore bose hano' - aba bagore baravuga ayo baboneye mw'ibohero ry'i Goma igihe rimenwa

Uragaba: Iyi nkuru irimwo ibintu biteye ubwoba, harimwo n'ivyo gufatwa ku nguvu, kuva ku ntango.

"Yambwiye ko ari nka hamwe nogerageza kwiruka, yari guca anyica".

Pascaline w'imyaka 22, yibuka amajambo y'uwamufashe ku nguvu mw'ibohero ry'i Goma, igisagara ca mbere kinini mu buko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gaturuturu ko ku wa 27 Nzero (1) 2025.

"Naciye ntekereza ndemera hako ntakaza ubuzima" niko Pascaline abwira BBC.

Uyu yari umugabo agira kabiri yari amufashe ku nguvu mw'ibohero rya Munzenze. Igitero ca mbere cari ic'ubugome ku buryo yataye ubwenge.

Avuga ko ababateye buriye ku ruhome bavuye mu ruhande rw'abagabo muri iryo bohero rwari ruzwi kw'izina rya "Safina".

"Twumvise induru igihe bariko basimbira ku matangi y'amazi. Bari benshi cane, bituma tugira ubwoba bwinshi cane. Abatagize amahirwe bafashwe ku nguvu. Abagize amahirwe nabo barashoboye gusohoka badafashwe ku nguvu".

Akajagari kariko gakwira hose mw'ibohero, no mu gisagara cose. Inyeshamba za M23 zifashwe mu mugongo n'Urwanda zariko zisagiriza Goma.

Abari bacungereye iryo bohero co kimwe n'abari barongoye iki gisagara hafi bose bari bamaze guhunga. Amasasu yarashobora kwumvikana hanze y'ibohero.

Haciye amasaha, hagati mu rupangu, haradutse umuriro – ushobora kuba watewe n'impfungwa z'abagabo mu gihe bariko bagerageza guhunga.

Gushika mu gatondo, impfungwa zababa 4.000 z'abagabo zari zamaze gutoroka. Ariko n'abagore bakeya barashoboye kwiruka. Amasoko abiri avuga ko abagore 132 bose hamwe n'abana 25 bahiye gushika barapfa.

Asubiramwo "amasoko yizewe yo mw'iryo bohero", umutegetsi wo mw'ishirahamwe ONU yabwiye BBC ko "abagore nibura 153 batikiriyeyo".

Inyuma y'ukwezi, Pascaline yagarutse kuraba ikigangara c'iri bohero ryahiye rigatokombera, umunara w'abari baricunze ukaba ari wo ugihagaze.

Yipfuza kuvuga ivyamubayeko kandi arashaka no kumenyekana. Ni n'ijwi ry'abapfuye.

Ariko azunguruka mu mbuga y'uruhande rw'abagore muri iryo bohero, araba impome zahiye, inkono zo gutekammo n'ibirundo vy'impuzu vyasanzagiye irya n'ino. Yifata ku munwa mu gahinda kenshi, ataco ari buvuge, uretse kuzunguza umutwe.

Ati: "Harageze igihe ntari ngitahura ivyariko biraba. Natanguye kugarura akenge maze kubona ingene abandi bariko barapfa, novuga ko ari Imana yashatse ko ndokoka".

Pascaline, umugore yari asanzwe adandaza ibitunguru, yagiye kwisanga mw'iri bohero inyuma y'uko umukoresha wiwe amwagirije ubusuma.