Kenya: Abapolisi bahagaritswe kubera umugabo yafashwe azira ivyo yanditse kuri X agapfira mu gasho

  • Umwanditsi, Damian Zane
  • Igikorwa, BBC News

Igipolisi ca Kenya cahagaritse vy'agateganyo umukuru w'ikirindiro c'igipolisi hamwe n'abapolisi bose bari kw'izamu igihe umugabo yari yapfunzwe kubera "gutangaza inkuru itari yo" apfiriye mu gasho.

Albert Ojwang yafatiwe mu gisagara ca Homa Bay kiri mu burengero bwa Kenya aca ajanwa ku mugwa mukuru Nairobi ku birometero 350, akaba yahowe ubutumwa yanditse ku rubuga rwa X, nk'uko se wiwe Meshack Opiyo yabibwiye abanyamakuru.

"Igihe yari mu gasho, uwagirizwa yarakomeretse mu mutwe inyuma yo guseka uruhome rw'icumba yari apfungiwemwo", ni ko itangazo ry'igipolisi rivuga. Yaciye anyarukanwa ku bitaro "bikaba vyatangajwe ko yapfuye ariho agishika".

Umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Amnesty International, ishami rya Kenya, yabwiye BBC ko urupfu rwa Ojwang "ruteye amakenga cane".

Mw'itangazo, Amnesty ivuga ko urupfu rw'uno mugabo avugwa ko yari umwigisha akaba n'umwanditsi wo ku mbuga ngurukanabumenyi "ruteje ibibazo bikomeye bikeneye gukorwako amatohoza yihuta, yimbitse kandi yigenga".

Intwazangabo y'igipolisi Stephen Okal asubirwamwo n'ikinyamakuru Star avuga ko ivyabereye muri ico cumba vyari "ukugerageza kwiyahura".

Ntibiramenyekana neza ico caha "c'inkuru itari yo" ico ari co neza na neza, ariko Opiyo yabwiye ikinyamakuru co ku mbuga ngurukanabumenyi Citizen Digital ko umupolisi yahagaritse uno mugabo yavuze ko "Albert yari yatutse umutegetsi wo hejuru ku rubuga rwa X", rwahoze rwitwa Twitter.

Itangazo igipolisi casohoye n'ijoro rivuga ko abo bapolisi bahagaritswe vy'agateganyo kugira ngo hakorwe "amatohoza yigenga kandi adahengamye".

Urupfu rwa Ojwang, yavugwa ko yari afise imyaka 31, rwateje uburakari ku mbuga hwaniro bamwe bagasaba ko haba imyiyerekano yo gusaba ko uwakoze ibi akurikiranwa.

Avuga kw'ifatwa ryiwe, umukuru wa Amnesty International muri Kenya, Irungu Houghton, yavuze ko "bibabaje cane" kubona Ojwang atanditswe mu gitabo kuri ico kirindiro c'igipolisi yapfungiwemwo, ahubwo akaba yaciye atwarwa mu rugendo rurerure gushika i Nairobi.

Asaba abariko bakora amatohoza yigenga gucungera ico yita "ahabereye ubu bugizi bwa nabi" ku kirindiro c'igipolisi i Nairobi.

Igipolisi kivuga ko Ojwang "yahagaritswe hakurikijwe amategeko".

Ihagarikwa ryiwe n'urupfu rwiwe bije mu gihe impungenge zigenda ziyongera ku kungene bamwe mu banegura reta bariko bafatwa.

Mu ndwi iheze, umuhinga mu gukora ama-'logiciels', Rose Njeri – yakoze urubuga rwo gufasha abanyagihugu kwiyamiriza integuro y'amafaranga reta ikoresha - yaragirijwe guhonyanga amategeko mpanavyaha ahana ivyaha bikorerwa ku mashini nyabwonko.