DeepSeek irerekanye ko inguvu z'ubwenge bw'ubukorano (AI) zishobora kwimukira kure ya Amerika

  • Umwanditsi, Marc Cieslak
  • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'ubwenge bw'ubukorano

Kubona DeepSeek ija hejuru mu bubiko bwa Apple App Store vyatumye yirukirwa cane n'abantu, maze ihindura ivyiyumviro abantu basanzwe bafise vy'uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari yo kizigenza kw'isi yose mu bijanye na Intelligence Artificielle/Articifial Intelligence canke IA/AI mu mpfunyapfunyo, mu Kirundi twokwita ubwenge bw'ubukorano.

Amerika yashitse kuri ubu bwiganze muri ubu buhinga ikoresheje umutahe munini cane – ariko DeepSeek y'Ubushinwa yoyo yahinguwe ku giciro gito cane ugereranije n'abakeba bayo bo muri Amerika.

Yaje giturumbuka ku buryo vyagize ingaruka mbi, aho iyi app y'Ubushinwa yatumye ibigo vy'ubuhinga bwa none vya Amerika bitakaza imiriyaridi igihumbi z'amadorari y'Abanyamerika.

Inguvu n'ubushobozi vya DeepSeek si ibintu vyo gufata minenerwe.

Ibi vyose vyashitsweko hakoreshejwe ubuhinga bubayabaye, iyi ikaba ari inkurikizi z'amategeko ya Amerika yabujije kugurisha mu Bushinwa ibikoresho vy'ubuhinga bwa none bisanzwe bikoreshwa mu guhingura ubwenge bw'ubukorano.

Amerika yafashe iyi ngingo yo kubuza gushorera ibikoresho vy'ubuhinga bwa none mu Bushinwa kubera ubwoba yari ifise ko bwari (Ubushinwa) guhava bubangamira ubwiganze bwa Amerika mu vya AI ari nka hamwe bwohabwa uburenganzira bwose kuri ubu buhinga bwa Silicon Valley (ikigo mpuzamakungu c'ubuhinga bwa none kiri mu karere ka South San Francisco mu ntara ya California).

Rero kubona iyi DeepSeek ishoboye guhingurwa mu gihe ibintu bimeze uko bimeze, nta nkeka irivugira ubwayo mu bijanye n'ubuhinga n'ubushobozi.

Naho biri ukwo, iragi nyamukuru ry'igihe kirekire ni ico DeepSeek yerekanye mu gushika kuri iyi ntambwe, ako kuba ico ihinguye.

Ishize ahabona uburyo bushasha bwo kwiyumvira kubijanye n'ubu buhinga bw'ubwenge bw'ubukorano.

Ihaye kandi akaryo keza ibihugu n'amakompanyi bifise icipfuzo co kuba ibihangange mu bijanye n'ubu buhinga bwa none bwa AI.

Kandi irerekanye ko iyo hari ico ubuze ari ngombwa kwiyumvira ingene ushobora kukironka maze ukerekana ko ari ngombwa kurondera ubundi buryo bwo kubaho.

Hari benshi bari bamaze kubona ko hari ukurenza urugero ku kungene ubu buhinga bwa none bwa Amerika bufatwa, bakabona ko bishobora gushika umusi umwe bugasenyuka.

Ikiriho, ntibwasenyutse, ariko nta nkeka ko hari ibimenyetso vy'uko inguvu zishobora kugabanuka.

Bamwe bashobora kubona ingaruka za DeepSeek nk'ikimenyetso c'uko icicaro c'ubu buhinga bwa none bwa AI kiriko kirimukira mu buko – ariko kandi birashobora kubera urumuri abandi bahinga kw'isi, maze nabo bagaca batangura guhingura ubu buhinga bwa none bwa AI bwabo ku giciro kitabavuna.

Uravye amamiriyaridi amajana n'amajana y'amadorari y'umutahe Amerika yavuga ko ishira muri ubu buhinga, vyagaragara ko ata kindi gihugu coshoboye kubwihanga, ariko rero iki gishobora kuba kitakiri ikibazo gikomeye.

Nk'akarorero, reta y'Ubwongereza iramaze gutomora neza icipfuzo cayo co gukoresha ubwenge bw'ubukorano mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bwabwo. Iyo iterambere risaba uburyo buciriritse, iki cipfuzo gishobora gushikwako.

Ubwongereza ntibubuze abahinga biyumvira bishasha, gusa vyama bigorana ko amakompanyi yabwo atera imbere ataronse imitahe ivuye hanze. Rero uburyo buzimbutse kandi bugezweho gusumba bwa AI bushobora gufasha iki gihugu hamwe n'ibindi gushika ku ntego yavyo yo gushinga ibigo bikomeye vyavyo mu bijanye n'ubu buhinga bwa AI.

Hagati aho, amakompanyi rutura y'ubuhinga bwa none ya Amerika ntiyiteze kurekura uko nyene. Ni vyo ko kw'isoko yatakaje bikomeye, ariko ni yo aciganje, afise ubuhinga bwinshi cane n'amahera menshi cane.

Aya makompanyi yamaze gutangura kurondera ubundi buryo bushasha bwo gukamisha ubu buhinga bwayo bwa AI no kwiga ingene bwokoreshwa mu buzima bw'abanyagihugu.

Gusa, ubu bishobora kuba ngombwa ko aya makompanyi atubika umukanda no kwitega bike ku vyo yari yiteze kwungukira kuri ubu buhinga, bitewe nuko ibintu bihindutse.